dimarts, 29 de gener del 2013

En kirundi: Declaració de sobirania del Parlament de Catalunya

El bon amic i company de lluites pastorals i cíviques, el campaner Sebastià Salom i Mas, ha accedit a atendre la petició que li vaig fer l'altre diassa, i me n'ha tramès la feina feta que queda reproduïda tot seguit.

Es tracta, ni més ni pus, que de la traducció al KIRUNDI del text de la Declaració de Sobirania que el Parlament de Catalunya aprovà i difongué en català el 23 de gener de 2013, i que ja ha estat traduït a un bon nombre de llengües arreu del Planeta.

Li n'agraesc profundament l'esforç. Sé que no resulta gens fàcil. Que, al Burundi, fins i tot podria arribar a passar desapercebuda... Peró, no en tenc cap casta de dubte, es tracta d'un gest cívic, cultural i patriòtic de valor incalculable per als Països Catalans.

Moltes gràcies, Sebastià. "Urakoze kuber'ivyo vyose wagize neza cane!"

Ukumenyekana kw’icipfuzo c’ukwikukira kw’igihugu citwa Kataloniya

Nk’uko abanyagihugu benshi baba mu Ntara ya Kataloniya (ikukira muri Espagne) babisavye, Inama Nshingwamateka ya Kataloniya imaze gushinga ingingo yo gutangura inzira w’ukwikukira rwose, kugira ngo abantu baho bashobore gutwara igihugu cabo ukwabo, bakurikiye ivyiyumviro nshimikiro ngenderwako uku bikurikirana:

  • - Ukwigenga mu mwidegemvyo.
    Igihugu ca Kataloniya, gikurikiye iciyumviro c’abaho, coshaka kwikukira no kwigenga.
  • - Ukwitorera amategeko avuye mu matora.
    Inzira y’ukwikukira izokwubaha ivyiyumviro y’abenshi. Abazorongora ibiganiro bazogerageza kuganira no kwumvikana n’iyindi migambwe itoba isangiye ivyiyumviro vyabo rwose, kugira ngo abanyagihugu bose bashobore kubana mu butungane, mu mutekano, mu mwumvikano no mu mwidevemvyo.
  • - Ukwerekana ata guhishanya.
    Abazorongora inzira y’ukwikukira bazomenyesha icese ivyipfuzo vyabo n’intambuko bazotambuka kugira ngo abanyagihugu bose bashobore kubashikiriza ivyiyumviro vyabo.
  • - Ugusangira ikiganiro c’ukwumvikana.
    Bazoganira n’abatwara igihugu co muri Espagne, bazoganira n’abatwara ibihugu vyi Bulaya, bakazoganira n’amashirahamwe yo mu bihugu vyo kw’isi yose.
  • - Ugufashanya kw’abanyagihugu bose.
    Bazorondera uburyo bw’ukwunga ubumwe bw’abari mu gihugu bose, kugira ngo bumve bakunde ico gihugu gishasha kizobabera umuvyeyi kikabatunga.
  • - Ugushirahamwe n’ibindi bihugu vyi Bulaya.
    Bazokurikira uburyo bwo gutwara ibihugu mw’ishirahamwe ryi Bulaya, na cane cane bazosonera itegeko ry’amatora, uburyo bwo gushirahamwe n’ibindi bihugu vyi Bulaya, ngo batere imbere hamwe muri vyose.
  • - Ugukurikira amategeko ngenderwako.
    Bazokoresha mu buryo bwose amategeko azobafasha kwumvikana no kwishira bakizana.
  • - Igikorwa nshimikiro c’Inama-Nshingwamateka.
    Iyo nama, ku kubera ko ari yo iserukira igihugu ca Kataloniya, izoba ifise uruhara ruhambaye muri iyo nzira y’ukwikukira. Ni naco gituma ari yo izotora uburyo n’intambuko bizokurikizwa kugira ngo Ukwikukira kuzobe ukw’ukuri.
  • - Ugukorana kwa bose.
    Inama-Nshingwamateka hamwe n’Abakuru b’Igihugu ca Kataloniya, izotuma abanyagihugu bose, abakuze n’abato, abatunzi n’aboro, amashule, amashirahamwe, imigambwe, eka abantu bose umwe umwe ukwiwe be n’imirwi yose ukwayo ngo bemere gukomeza iyo nzira y’ukwikukira.

Inama Nkuru Nshingwamateka izotera inguvu abanyagihu bose ngo bakure amaboko mu mpuzu, batore amasuka, bagende kurima muri iyo ndimiro y’ukwironderera ukwikukira mu bizotunga ico gihugu ca Kataloniya.