dimecres, 23 de gener del 2013

Kur'abantu b'igihugu citwa Kataloniya

“INZIRA YO KWIGENGA N’UGUSHINGA INGINGO
MU BANTU B’IGIHUGU CITWA KATALONIYA”

Abantu benshi cane b’igihugu citwa Kataloniya baravuze, babikuye ku mutima no ku gushaka kwabo, ko bakeneye bakipfuza kwikukira, kandi Inama Nkuru y’Abashingamateka b’ico gihugu, ari yo yitwa Parlement (Inama Nshingwamateka) yashinze ingingo y’ugutangura inzira nziza y’umwidegemvyo kugira ngo ico gihugu cikukire rwose, abantu baho nabo bashobore kwitorera uburyo bwo kwigenga no kwikukira mu mwumvikano, ata ntambara:

  • - Ni Kwikukira
  • - N'Amategeko y'ukwikukira bose bumvikanyeko
  • - Ni Kwerekana muri vyose itunga ry’igihugu
  • - N'Ikiganiro
  • - Ni Kwumvikana mu gusabikanya itunga ry’igihugu
  • - Ni Kwishimiza intwaro z’abanyabulaya
  • - Ni Kunganisha
  • - N'Igikorwa ngenderwako c’abashingamateka
  • - Ni Kugabangana
Inama Nshingwamateka yo muri Kataloniya itera umwete abanyagihugu bose ngo baje muri iyo nzira izobashikana ku kwikukira kw’igihugu cabo ca Kataloniya.